dimanche 18 mai 2025

Burundi : inkinamico y’amatora yo mu 2025


Amatora ategekanijwe mu 2025 ntajanye na demokarasi, ahubwo ni inkinamico yatunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD n’incoreke zawo. Haraheze imyaka myinshi, iyo ntwaro ikoresha nabi inzego, izivya abatavuga rumwe na yo, yiba n’amatora kugira ngo igume ku butegetsi ipfukamye mu nda Abarundi.

Kubera iyo ngendo inigira mu menshi demokarazi, ikongere uko bukeye uko bwije amagorwa, ikumira n’ubwoba mu gihugu, RED-Tabara irasubiye kumenyesha ishimitse ko Uburundi butari bukwiye ivyo. Uburundi bukeneye ubutungane, amahoro n’iteka kuri bose.

Twariyemeje gukora ibishoboka vyose kugira tubogore Uburundi kugira ngo hatunganywe amatora ahurikiyemwo bose, yigenga kandi abaye mu muco. Harageze ko uburyarya bwa poritike buhava, Abarundi bagahabwa uburenganzira bwabo ntakomwakomwa bwo kwitorera indongozi zabo biciye mu mwidegemvyo n’ukuri kuvuye mw’isandugu y’itora.

Abarundi n’amakungu bakwiye gutegera ko, tutavavanuye n’iyo ntwaro y’agahotoro, ata mahoro arama n’iterambere nyaryo bizopfa bibonetse mu Burundi

Urugamba rwacu ni urw’abo bose bipfuza Uburundi bushingiye ku mategeko, ku kuri no ku burenganzira bungana ku banyagihugu.

Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire

RED-Tabara : L’idéologie Ubuntu au cœur d’une Résistance Armée inédite dans la Région des Grands Lacs d'Afrique

Dans le tumulte des conflits armés qui ravagent l’Est de la RDC, le mouvement de la Résistance pour un Etat de Droit - RED-Tabara se démarqu...